Uko wahagera

Uburundi Bwatumyeko Ambasaderi Wabwo mu Bubiligi


Ambasaderi w'Uburundi mu Bubiligi, Jeremie Banigwaninzigo
Ambasaderi w'Uburundi mu Bubiligi, Jeremie Banigwaninzigo

Amakuru ashikirizwa n’itangazamakuru mu gihugu c’Ububiligi amenyesha ko Reta y’Uburundi yatumyeko Ambasaderi wayo i Buruseli, mu gihugu c’Ububiligi. Ivyo bibaye mu gihe imigenderanire itera itosekara kurushiriza hagati y’Uburundi n’Ububiligi.

Ikinyamakuru gikoresha ururimi rw’igifaransa gisohoka imisi yose co mu Bubiligi, La Libre, catangaje ku musi wa kane, ko Ambasaderi, Jeremie Banigwaninzigo, yatumweko mu mibonano na Reta y’Uburundi.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bubiligi, Belga, ryatangaje kw’inkuru yashizwe ahabona n’ikinyamakuru, La Libre, yemejwe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ububiligi.

Reta y’Uburundi yagirije Ububiligi, bwahoze bukolonije Uburundi, ko bwari inyuma y’igeregezwa rya coup d’etat y’ugutembagaza prezida Pierre Nkurunziza, mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze.

Reta y’Uburundi ntaco iravuga ku nkuru yerekeye ihamagarwa rya Ambasaderi, Jeremie Banigwaninzigo.

XS
SM
MD
LG