Uko wahagera

Perezida Mkapa mu Mibonano i Bujumbura


Umuhuza mu biganiro vy’abarundi Benjamin William Mkapa yatanguye kur’uyu wa kane kugiranira imibonano n’aberwa n’ikibazo c’Uburundi.

Umunyambanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD uri kubutegetsi yatangaje kw' anejerejwe cane n’ukubona William Mkapa ashitse mu Burundi kwirabira uko ibintu bimeze. Bwana Evariste Ndayishimiye yongera kwemeza ko abafise ivyo bagirizwa atakibanza bafise mu biganiro.

Ariko Agathon Rwasa ari mubatavuga rumwe n’ubutegetsi asanga atakidashobora kwihanganirwa kugira Uburundi bwogorore.

Agathon Rwasa
Agathon Rwasa

Bwana Mkapa yatanguye kubonana na Perezida Pierre Nkurunziza, ariko ivyo bavuganye ntivyashizwe ahagaragara. Yanabonanye kandi n’abaserukira ibihugu vya Bulaya I Bujumbura.

Ido n’ido ry’ivyavuye mur’iyo mibonano tubibaze umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika mu Burundi, Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:43 0:00

XS
SM
MD
LG