Uko wahagera

Umuriro Mu Gisagara ca Bujumbura


Utuzu tw’idandarizo 6 turi mu gisagara hagati ca Bujumbura twadutsemwo umuriro mu gitondo co kur’uno wa gatatu.

Uwo muriro wadutse nk’igihe c’isaha imwe n’igice zo mu gitondo mur’utwo tuzu tw’idandarizo turi kw’ibarabara avenue du marché ni hafi y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura.

Bamwe mu bari hafi yaho igihe uwo muriro waduka bavuga ko batamenye ico wavuyeko.

Utuzu tune kuri dutandatu twahiye turatokombera, harimwo tubiri twahora tudandarizwamwo imiti. Nta kidandazwa na kimwe carokotse.

Bene ibidandazwa vyahiye bigatokombera ntibagira ayo bacira n’ayo bamira. Ntibanashima kugira ico bashikirije.

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre Nkurikiye yishikiye ahadutse uwo muriro.

Mu gihe abahadandariza bavuze ko batazi ico uwo muriro wadutse wavuyeko, Nkurikiye akeka ko iryo sanganya ryoba ryaturutse ku muyagankuba wa REGIDESO.

Uwo avugira igipolsi c’Uburundi yaboneyeho n’akaryo ko gutera akamo abadandaza bose kwibangikanya ibikoresho vyo kuzimya igihe cose hadutse umuriro extincteur mu gifaransa.

Agaciro k’ivyo bidandazwa vyahuye n’umuriro ntikamenyekanye ; kiretse uwadandaza imiti yahiye yavuze ko yari ifise agaciro k’imiliyoni 30 z’amafaranga y’amarundi.

Abo badandaza ivyabo vyahuye n’umuriro kur’uno wa gatatu bari muri bamwe ibidandazwa vyabo vyahiriye mw’isoko nkuru ya Bujumbura mu mpera z’ukwezi kwa mbere mu mwaka wa 2013.

XS
SM
MD
LG