Uko wahagera

Umuhuza Mkapa Mu Rugendo mu Burundi


Benjamin Mkapa, yahoze arongoye igihugu ca Tanzaniya
Benjamin Mkapa, yahoze arongoye igihugu ca Tanzaniya

Kuva kuri uyu wa gatatu, umuhuza mu matati y'abarundi Benjamin Wiliam Mkapa araja mu Burundi mu rugendo rw'imisi itatu.

Perezida Mkapa azobonana n’imigwi n’abategetsi batandukanye.

Muribo harimwo umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, amashirahamwe yigenga, ayaserukira urwaruka n’abakenyezi, imigambwe yemewe n’amategeko hamwe n’amadini n’amashengero.

Bitegekanijwe kandi ko Mkapa azoja mu ntara imwe mu gihugu hagati ahazoja kuraba ingene umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya ibiganiro CNDI ukora.

Ijwi ry’Amerika ryifuje kumenya ico imigwi itandukanye yiteze ku muhuza. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa Ndenzako amenyesha ko leta yifuza ko Mkapa agondoza abanyepolitike bahunze gutahuka bakitegurira amatora ya 2020.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bo basanga leta ariyo ifise uruhara nyamukuru kugira ibiganiro bishike ku muti urama.

Amashirahamwe yigenga nayo abona ko umuhuza akwiye gukura mu nzira ikibazo nyamukuru kimwe; kumenya niba abashatse guhungabanya ubutegetsi n’abagwanije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu bemerewe kuja mu biganiro canke bazocirwa umukenke.

Umuvugiwi wa Perezida Nkurunziza asigura ko abakurikiranwa n’ubutungane bemerewe gusaba ikigongwa. Ariko yibutsa ko atawobavugira kuko bakuze.

Umuhuza mu matati y’abarundi Benjamin William Mkapa yaheruka kugendera u Burundi mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka.

Uwo mugabo yahoze arongoye igihugu ca Tanzaniya yatowe n’inama ya 17 y’abakuru b’ibihugu vy’umuryango w’Afurika y’Ubuseruko EAC kugira yunganire Perezida w’Ubuganda Yoweri Kaguta Museveni mu gikorwa co gutorera umuti indyane n’amatati vyadutse mu kwezi kwa kane umwaka w’I 2015 mu Burundi.

XS
SM
MD
LG