Uko wahagera

Ghana kiri Mu Matora y'Umukuru w'Igihugu


Nana Akufo-Addo, yaserukiye abatavugarumwe na reta ariko ahiganwa na Perezida Mahama
Nana Akufo-Addo, yaserukiye abatavugarumwe na reta ariko ahiganwa na Perezida Mahama

Abanyagihugu muri Ghana bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu kur’uyu musi wa gatatu.

Umukuru w’igihugu ca Ghana John Mahama ariko ahiganira ikiringo kigira kabiri aho ahiganwa n’umukuru w’abatavugarumwe n’ubutegetsi Nana Akufo-Addo. Abo bagabo ninabo bahiganwe mu matora ahitiye haraheze imyaka ine.

Akufo-Addo, yahoze ar’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, yagiriza Perezida Mahama n’umugambwe uri k’ubutegetsi ko yananiwe kurongora igihugu.

Ghana kizwi nk’igihugu gishorera hanze ibitoro, inzahabu na cocoa. Ariko ikiringo ca mbere ca Mahama caranzwe n’ikoroka ry’igiciro c’ibitoro bituma igihugu cinjira mubihe bitoroshe muvy’ubutunzi

Ghana carashemagije nk’igihugu c’akarorero muvya demokarasi ku mugabane w’Afrika, ariko imyiyamamazo mur’aya matora yaranzwemwo ivyagiriji vy’uko abatora baterwa ubwoba kandi n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora barawufitiye impungenge ko woba har’aho uhengamiye.

XS
SM
MD
LG