Uko wahagera

Ubufransa: Bernard Cazeneuve Yagenywe Kuba Umushikiranganji wa Mbere


Bernard Caseneuve mugihe yar'umushikiranganji w'intwaro hagati mugihugu mu nama nshingamateka y'Ubufaransa
Bernard Caseneuve mugihe yar'umushikiranganji w'intwaro hagati mugihugu mu nama nshingamateka y'Ubufaransa

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu c’Ubufransa, Bernard Cazeneuive, yagenywe na prezida, Francois Hollande, kuba umushikiranganji wa mbere.

Cazeneuve, asubiriye, Manuel Valls, yatanze imihoho kur'uyu wa kabiri kugira arondere kugenwa n’umugambwe wiwe w’Abasosiyaliste, mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu mwaka uza.

Manuel Valls, afise imyaka 54 muri iki gihe, azorondera kwitoza mu kibanza ca prezida, Francois Hollande, yatangaje mu ndwi iheze ko atazokwitoza mu kiringo kigira kabiri.

Mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati, Cazeneuve, niwe yafashe iya mbere mu kwishura ku bitero vyagizwe n’intagondwa z’Abayisilamu bishe abantu barenga amajana abiri mu kiringo c’imyaka ibiri irangiye, harimwo ibitero vyabaye mu mwaka uheze mu gisagara ca Paris vyahitanye abantu ijana na mirongo itatu.

Nayo Manuel Valls, yatsinze amatora ya mbere y’Abasosiyalitse mu kwezi kwa mbere, azohiganwa na Francois Fillon, yahoze ari umushikiranganji wa mbere, yatsinze n’amajwi menshi amatora ya mbere y’abo mu mugambwe, “Parti Republicain”. Azoserukira uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka uza.

Amatora y’umukuru w’igihugu mu Bufaransa azoba incuro zibiri, mu kwezi kwa kane no mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uza.

XS
SM
MD
LG