Uko wahagera

Gambiya: Abanyororo ba Politike Barekuwe


Abanyagihugu aho bigina intsinzi ya Adama Barrow, aheruka gutorwa nk'Umukuru w'Igihugu
Abanyagihugu aho bigina intsinzi ya Adama Barrow, aheruka gutorwa nk'Umukuru w'Igihugu

Mu gihugu ca Gambiya, Sentare y’Igihugu yarekuye umwe mu barongozi b’imigambwe itavuga rumwe na Reta n’abanyepolitike bashika kuri cumi n'umunani, inyuma y’iminsi mike Prezida Yahya Jammeh yahora aramutswa igihugU atsindiwe mu matora n’uwo bahiganwa Adama Barrow.

Irekugwa ry’abo banyepolitike ryakiriwe neza n’abatari bake, bagasaba ko n’abandi bapfungiwe ivya politike ku ntwaro ya Jammeh borekugwa. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International rimenyesha ko abantu mirongo itanu n'umwe mu bapfunzwe uyu mwaka barindiriye gucibwa imanza, nayo abashika kuri mirongo itandatu n'umwe bakaba bapfuzwe badaciye imbere y’ubutangane.

Saihou Mballow, umunywanyi w’Umugambwe Congres Democratique, aba mu mahanga, amenyesha Ko Reta nshasha ya Adama Barrow aheruka gutogwa mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu, ifise igikorwa kitoroshe, co kunagura ubuzima bw’abanyagihugu, bisunze ivyakozwe na Yahya Jammeh, mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri n'ibiri yamaze arongoye Igihugu.

XS
SM
MD
LG