Uko wahagera

Kameruni Irahakana ko Itahungabanije Agateka ka Muntu.


Reta ya Kameruni irahakana ivyagiriji vy’uko inzego zayo z’umutekano zitubahirije agateka ka muntu mubikogwa vy’umutekano zagize mumyiyerekano yabaye haciye amezi abiri.

Mur'iyo myiyerekano, yagizwe n’abanyeshure n’abandi bakozi b’amashirahamwe atandukanye mukarere k’igihugu kavuga icongereza, aho bariko biyamiriza ivyo bita agacinyizo kagigwa ku bavuga ururimi rw'icongereza mur'ico gihugu gikoresha ururimi rw’icongereza n’urw'igifaransa.

Rata zunze ubumwe z'Amerika ivuga ko ifise amakenga menshi kuburyo ico kibazo citaweho.

Umuvugizi w’igipolisi ca Kameruni, Issa Tchiroma avuga ko atemera amatangazo amaze gukwiragizwa ku mbuga ngurukana bumenyi yuko igisirikare catoteje abigisha n’abashikirizamanza bari muri iyo myiyerekano baba mukarere k’abavuga ururimi rw'icongereza.

Uwo muvugizi yabishikirije yishura urwandiko rwasohowe n’ubushikiranganji bw'Amerika bujejwe imigenderanire n’amahanga mu ndwi iheze kw’itariki ya 28 z’ukwezi kwa cumi na rimwe.

Amerika yavuze ko ifise amakenga ku bwicanyi n’ubugizi bwa nabi bwagizwe mu myiyerekano yabaye muduce twa Bamenda na Buea, umugwa mukuru w’uburaruko bushira uburengero n’umugwa mukuru w’ubumanuko bushira uburengero.

Tchiroma yavuze ko Kameruni idashobora kwihanganira icarico cose kiza gihungabanya ubumwe bw’igihugu bwabonetse bigoye, yongerako yuko ibisabwa yuko igihugu cosubira ku ntwaro rusange yakuweho muri referendum yagizwe mu mwaka w'1972 bidashoboka.

XS
SM
MD
LG