Uko wahagera

URwanda kw'Itohoza Kuruhara Abafaransa 20 Bagize Mw'Ihonyabwoko


Ibiro vy’umushikirizamanza w’uRwanda vyatangaje ko bitanguye icese itohoza ku ruhara abategetsi 20 ba Reta y’igihugu c’Ubufaransa bagize mw’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda, mu mwaka w’i 1994.

Bamwe muribo bashobora kwagirizwa ivyaha muri sentare hamwe vyogaragara ko bafise ivyo bategerezwa kwishura.

Ivyo biri mw’itangazo ryateweko igikumu na Richard Muhumuza, umushikirizamanza mukuru w’Urwanda.

Iryo tangazo rimenyeysha kw’itohoza muri iki gihe rishimikiye ku bantu 20 ku bw’amakuru amaze kwegeranywa muri iki gihe basabwa n’ibiro vy’umushikirizamanza mukuru wa Reta y’Urwanda gusigura ku vyagirizo kuribo, n’uguha akaryo ivyo biro gufata ingingo nimba abo bantu bokwagirizwa icese canke batokwagirizwa.

Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru vyiteze ko abategetsi b’Ubufaransa bazokorana navyo mu kiringo c’itohoza.

XS
SM
MD
LG