Uko wahagera

Perezida Park Geun-hye wa Koreya y'Ubumanuko Har'Ivyo Asaba Kugira Atange Imihoho


Umukuru w'Igihugu Park Geun-hye yunamye igihe yariko ashikiriza ijambo abanyagihugu.
Umukuru w'Igihugu Park Geun-hye yunamye igihe yariko ashikiriza ijambo abanyagihugu.

Perezida wa Koreya yo mu bumanuko Park Geun-hye atangaza ko yiteguye gutanga imihoho akava ku butegetsi mu buryo butunganijwe neza mugihe inama nshingamateka yotora itegeko ribimusaba.

Perezida Park yabishikirije kur’uyu wa kabiri mw’ijambo yashikirije abanyagihugu caciye kuri televiziyo y’igihugu.

Yashikirije ico bamwe babona ko kidatomotse neza kandi kirimwo amahinyu mukuvuga ko yiteguye kuva ku butegetsi hisunzwe ikirangaminsi hamwe n’amategeko y’igihugu kandi umugambwe uri ku butegetsi n’abarwanya reta babanje kwicara hamwe bakabona ko igihugu kizobandanya gutwarwa.

Umushakashatsi muvya politike Professeri Cho Wonbin yigisha kuri Kaminuza ya Sungkyunkwan yatangaje ivyo yashikirije ar’uburyo bwo kurondera kuguma kubutegetsi.

Nayo bamwe mu batavugarumwe na reta bamenyesheje ar’imvugo ya politike yokugomba kuguma kubutegetsi no kurondera gushigikirwa n’umugambwe wiwe.

Prezida Park niwo mukuru w’igihugu wambere muri Koreya y’Ubumanuko yatanguye kwagirizwa kurya ibiturire.

Umushikirizamanza wa Republika yagiriza Park kuba yarafashije mw’ikoreshwa mugufasha umugenzi wiwe Choi Soon-sil n’uwahoze amufasha Ahn Jong-bum mugusaba amasosiyete akomeye muri Koreya gutanga igiturire c’imiliyoni 65 z’amadolari kuyandi mashirahamwe abiri yo mur’ico gihugu.

XS
SM
MD
LG