Uko wahagera

Siriya: Inteko za Reta Zafashe Ibice Bitari Bike mu Buseruko bwa Aleppo


Abaharanira agateka ka muntu, n’abajejwe itangazamakuru rya Reta mu gihugu ca Siriya, batangaje kur'uyu wa mbere, kw’inteko za Reta zagize intsinzi zikomeye ku barwanyi batavuga rumwe na Reta, mu gice co mu buseruko bw’igisagara ca Aleppo.

Ivyo biri mu kigoro k’ugucamwo kubiri igice c’ico gisagara kiri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi.

Igisagara ca Aleppo, carashimikiweko cane n’ibitero vy’inteko za Reta ya Siriya zifashijwe n’ibitero vy’indege z’ingwano z’igihugu c’Uburusiya.

Amakungu arafise impungenge ku basivile babarizwa mu bihumbi amajana abiri na mirongo itanu bafatiwe muri ico gisagara, aho bakeneye ibifungurwa n’imiti.

Itorokanirizo ry’amakuru rya Reta ya Siriya, SANA, ryasubiyemwo amakuru ava mu gisirikare avuga kw’igisirikare ca Reta casubiye kwigarurira igice ca Sakhour, zirasambura amabombe y’imitego bita”mines” yasizwe n’abagira iterabwoba.

Iryo n’ijambo rikoreshwa na Reta mu kuvuga uwariwe wese arwanya prezida Bashar al-Assad.

Ishirahamwe, The Syrian Observatory for Human Rights, rikwirikirana intambara muri Siriya naryo nyene ryatangaje kw’igisirikare ca Reta cigaruriye igice ca al-Sakhour n’ibindi bice bitari bike.

Igitigiri c’abantu batari bake barahunze ubuseruko bw’igisagara ca Aleppo. Bahungiye mu gice co mu burengero bw’ico gisagara kiri mu minwe ya Reta mu misi mikeyi irangiye.

Inteko za Reta ya Siriya, Zifashijwe n’Uburusiya bucuditse nazo, zatanguye ibitero vy’ugufata igisagara ca Aleppo mu ntango z’uku kwezi.

Ivyo vyabaye inyuma y’imisi itari mike y’ibitero bikomeye vy’indege z’ingwano z’Uburusiya na Siriya.

XS
SM
MD
LG