Uko wahagera

Ubufransa: Francois Fillon Yatanguye Kwiyamamariza Kuba Prezida


Francois Fillon, yahoze ari umushikiranganji wa mbere mu gihugu c’Ubufransa yatanguye, kur'uyu musi ku wa mbere, umusi wa mbere w’igikorwa c’ukwiyamamariza kuba perezida, nk’umukandida yagenywe n’umugambwe Parti Republicain.

Fillon, yatsinze amatora ya mbere yo muri uwo mugambwe ku musi w’Imana, aho yatsinze uwo bahiganwa, Alain Juppe, n’amajwi menshi.

Juppe, yaremeye ko yatsinzwe, mu gukeza Fillon, ku ntsinzi yiwe ikomeye. Yasavye ko haba ubumwe mu mugambwe inyuma y’igikorwa c’ukwiyamamariza amatora ya mbere aho yagirije Francosi Fillon, ko yarondeye gushigikirwa n’abarwanya abimukira n’Abayislamu.

Intsinzi ya Francois Fillon, izotuma ahangana n’umuyobozi w’umugambwe Front National, Marine Le Pen, mu kwezi kwa kane kw’umwaka uza.

Bitegekanijwe ko perezida ahari muri iki gihe, Francois Hollande, atangaza mu ndwi ziri imbere nimba azorondera gusubira kwitoza.

Kuba ukumushigikira kwaragabanutse bikomeye, vyaragabanije inguvu z’abasangiye ivyiyumviro vyiwe.

XS
SM
MD
LG