Uko wahagera

Afrika Irashima Imfashanyo ya Fidel Castro


Icegera c’umukuru wa Kimisiyo y’umuryango w’ubumwe bw’Afrika, Erastus Mwencha yatangaje ko umugabane w’Afrika har’ico ukwiriye gukorera igihugu ca Cuba hamwe n’uwahoze ar’umukuri waco Fidel Castro.

Erastus Mwencha yatangaje ko Cuba cabaye hafi y’Afrika mugihe uwo mugabane amakungu yari yavuhevye mugudasha mw’iterambere ry’Afrika kandi ko Castro yashira mungiro ivyo yaba yiyemereye.

Mwencha ati’: "Ubwa mbere turahojeje Cuba n’abanyagihugu baco. Ati kahise k’imigenderanire y’Afrika na Cuba katanguranye na Republika iharanira Demokarasi ya Kongo, kugihe ca Patrice Lumumba kabandanya kugukura Afrika y’Epfo mu ntwaro karyanishamiryango ya apartheid.

Abandanya avuga ko Cuba cafashije Afrika mu gutanga uburyo bw’amafaranga, abisirikare, ndetse no gufasha Afrika gushika kukwikukira.

Hagat’aho muri Cuba kur’uyu wa mbere niho hatanguzwa ikigandaro c’indwi co gusezera Fidel castro. Akaba yapfuye kuwa gatanu inyuma y’ingwara ndende itigeze ivugwa kandi yapfuye afise imyaka 90 y’amavuko

Kuva ku musi wa gatatu, umunyota wiwe uzotangura gutemberezwa mugihugu cose. Azopfubwa italiki 4 z’ukwezi kwa cumi na kabiri mu gisagara ca Santiago kiri mu bumanuko bwa Cuba.

XS
SM
MD
LG