Uko wahagera

Abantu 9 Bishwe n'Igihuhusi muri Costa Rica

Abakora mugisata gitanga umuyagankuba bariko baca ibiti vyasenyuwe n'igihuhusi Otto muri Nicaragua, Italiki ya 25, ukwezi kwa 11, 2016.
Abakora mugisata gitanga umuyagankuba bariko baca ibiti vyasenyuwe n'igihuhusi Otto muri Nicaragua, Italiki ya 25, ukwezi kwa 11, 2016.

Abantu icenda bishwe abandi baharurwa mu bihumbi baravanwa muzabo bivanye n’igihuhusu kivanze n’imvura ciswe Otto caciye ku nkengera z’igihugu ca Costa Rica mw’ijoro ry’uyu wa gatanu.

Perezida wa Costa Rica Luis Guillermo yaciye ashinga ikigandaro c’imisi itatu kuva kur’uyu wa mbere uza. Yatangaje ko ico gihuhusi casinzikaje igice kiri ku rubibe n’igihugu ca Nicaragua.

Abanyagihugu mw'ibarabara ryarengewe n'amazi y'imvura
Abanyagihugu mw'ibarabara ryarengewe n'amazi y'imvura

Ico gihuhusi catanguriya muri Nicaragua kumusi wa kane, ariko ho ntabantu cahitanye kiretse amazu casambuye.

XS
SM
MD
LG