Uko wahagera

Turkiya: Prezida Recep Tayyip Erdogan Aragabisha Umuryango w'Ibihiugu vy'Ubulayi


Prezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan
Prezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan

Prezida wa Turkiya, Recep Tayyp Erdogan, yagabishije umuryango w’ibihugu vy’Ubulayi uno musi ku wa gatanu ko niyo wabadanya kugabisha igihugu ciwe kw’azorekurira abimukira ibihumbi amajana n’amajana kwinjira mu bihugu bigize uwo muryango.

Mw’ijambo yashikirije uno musi ku wa gatanu, mw’ikoraniro ku bijanye n’ubutungane ku bapfosoni, ku murwa mukuru Istambul, Erdogan yishuye ku ngingo yemejwe ejo ku musi wa kane n’inama nshingamateka y’Ubulayi isaba kw’umuryango w’ibihugu vy'Ubulayi uhagarika ibiganiro na Turkiya vy’ukwinjira muri uwo muryango, kubera ikandamizwa ririko rigirwa n’ico gihugu inyuma ya coup d’etat yageregejwe.

Umuryango w’ibihugu vy’Ubulayi washitse ku masezerano mu ntango z’uyu mwaka yerekeye gusubiza abimukira muri Turkiya. Ico gihugu kikaronka imfashanyo irimwo iyigenewe impunzi hamwe n’ukunyarutsa ibiganiro vy’ugutuma Turkiya yinjira mu muryango w’ibihugu vy’Ubulayi.

XS
SM
MD
LG