Uko wahagera

Malawi: Eric Aniva Yanduje Umugera wa SIDA Abigeme Barenga 100.


Eric Aniva Yagirizwa Kwanduza Umugera wa Sida abigeme muri Malawi
Eric Aniva Yagirizwa Kwanduza Umugera wa Sida abigeme muri Malawi

Sentare yo mu gihugu ca Malawi yaraciriye umunyororo w’imyaka ibiri umugabo yiyemereye ko yanduje umugera wa Sida abakobwa mu kuryamana nabo ata gakingirizo yambaye kandi yar’azi ko yanduye.

Umuhari w’abakenyezi baharanira agateka ka muntu muri Malawi uriyamiriza urwo rubanza mu kuvuga ko ico gihano ari gito, bagasaba ko rwosubirwamwo.

Igihe yafatwa, uwo mugabo azwi kw’izina rya Eric Aniva yariyemereye ko yaryamanye n’abakobwa barenga ijana, bamwe muri bo bafise imyaka 12, mu mihango yitwa "Kusasa Fumbi" mu rurimi rw’aho muri Malawi canke “gukunkumura ivumbi”, imihango yo guca ince abakobwa isanzwe igirwa mur’ico gihugu.

Yariyemereye kandi ko yanduye umugera wa SIDA ariko ko atigeze abibwira imiryango yari yamuhaye ako kazi. Yatangaje kandi ko atigeze akoresha agakingirizo mugukora uwo muhango.

Mu mwaka uheze, Malawi carafashe itegeko ribuza abana b’abakobwa kurongorwa batarakwiza imyaka iva kuri 15 gushika kuri 18 kugira bahagarike uwo muhango wo guca ince abana b’abakobwa bakiri bato.

XS
SM
MD
LG