Uko wahagera

Ali Khamenei Aragabisha Amerika Ku Bihano vya Irani


Umurongozi Mukuru wa Irani Ayatollah Ali Khamenei
Umurongozi Mukuru wa Irani Ayatollah Ali Khamenei

Umutegetsi mukuru muri Irani, Ayatollah Ali Khamenei aragabisha Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko azoyigwanya ari hamwe ihirahiye igasubizaho ibindi bihano vy’imyaka cumi, kuri Irani.

Khamenei, ntiyatomoye ico azokora, yamara kur’uyu wa gatatu, mw’itangazo yasohoreye kuri televiziyo, yagabishije Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko Irani itazovyihanganira.

Itryo gabishwa risohotse inyuma y’iminsi mike Inama Nshingamateka ya Amerika isohoye itegeko ryo gusubizaho irijanye n’ibihano kuri Irani vy’imyaka cumi. Iryahahora rikaba rizoherana n’uyu mwaka.

Iryo tangazo kandi ritegerezwa kwemezwa n’Inama Nkenguzamateka, rigaheza rigategwako igikumu na Prezida Obama.

Mwomenya ko ivyo bihano bijanye no kubuza amashirahamwe y’abikorera utwabo gushira imitahe yabo muri Irani, na cane cane kubijanye n’ihinguriro rya petrole. Iryo tegeko rikaba ryarafata kandi Igihugu ca Libiya, yamara ako gace kakaba kaciye gakugwamwo ricemezwa mu mwaka w’1996.

Amerika imenyesha ko ibihano biri mur’iryo tegeko bitandukanye nivyari vyaremejwe ku bijanye n’amasezerano Irani yagiranye n’ibihugu bitanu kw’ikoreshwa ry’ivyuka vya nucleaire. Irani yo yemeza ko yagabanije cane ibikorwa yakoreshamwo nucleaire, ikavuga ko ivyo bihano vyoba bije kurenga kur’ayo masezerano.

XS
SM
MD
LG