Uko wahagera

Misiri: Gushigikira Reta ya Siriya ni Ngombwa


Prezida w'igihugu ca Misiri, Abdel Fattah al-Sisi
Prezida w'igihugu ca Misiri, Abdel Fattah al-Sisi

Prezida w’igihugu ca Misiri, Abdel Fattah al-Sisi, yatangaje uno musi ku wa gatatu kw’ingingo y’igihugu ciwe y’ugushigikira intwaro y’igihugu ca Siriya, mu rugamba rw’ukurwanya intagondwa, ikenewe ku neza y’umutakano mu karere.

Prezida al-Sisi, avuga kw’ikintu bashaka gushimikirako kurusha ibindi ari ugushikikira igisirikare ca Reta, haba mu bihugu vya Libiya, Siriya canke Iraki.

Ingingo ya Prezida al-Sisi ishobora gutuma haba umwuka mubi hagati ya Misiri n’ibihugu vyo mu kigobe c’Abarabu, nka Arabiya Saudite, gishigikiye abarwanya ubutegetsi bariko bagerageza gukura ku butegetsi prezida wa Siriya, Bashar al-Assad.

Abdel Fattah al-Sisi, yafashe ubutegetsi mu gihugu ca Misiri, inyuma ya coup d’etat y’igisirikare yabaye mu mwaka w’i 2013, yakuye ku butegetsi umutegetsi yari ashigikiwe n’umurwi w’Abayislamu, Muslim Brotherhood, Mohamed Morsi.

Kuva ico gihe, prezida al-Sisi, yarafatiye ingingo zikomeye intagondwa z’Abayislamu, ashigikira reta y’igihugu ca Siriya. Ivyo vyatumye imigenderanire hagati y’igihugu ciwe na Arabiya Saudite itosekara.

Mu kwezi kw’icumi, Arabiya Saudite yarahagaritse kurungika ibitoro mu gihugu ca Misiri, kubera prezida Sisi yashigikiye ingingo y’ishirahamwe O-N-U, yari ishigikiwe n’Uburusiya, yasaba agahenwe muri Siriya, yamara yihoza ibitero vy’amabombe vy’indege z’ingwano z’Uburusiya, mu bice bibamwo abasivile, mu gisagara ca Aleppo.

Prezida wa Misiri, Abdel Fattah al-Sis, yavuze kw’inyishu ku ntambara yo muri Siriya itegerezwa kuca mu biganiro.

XS
SM
MD
LG