Uko wahagera

Trump Yarekuye Imwe Mu migambi Yiwe


Donald Trump aheruka gutogwa ngw'ayobore Amerika
Donald Trump aheruka gutogwa ngw'ayobore Amerika

Donald Trump aheruka gutorwa ngw’arongore Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu kiringo c’imyaka ine ikurikira amenyesha ko ariko ararekura imwe mu migambi yari yashikirije mu gihe c’imyiyamamazo.

Mu kiganiro yahaye abanditsi b’ikinyamakuru New York Times, kur’uyu wa kabiri, Trump yashikirije ko imwe mur’iyo migambi atazorangura harimwo uwo guta mu mvuto Hillary Clinton, bahiganwa. Trump amenyesha ko yibaza ko vyohava bica igihugu mu migwi, kandi we yipfuza gushira inguvu mu biteza imbere igihugu.

Ikindi Trump yashikirije n’umugambi wo gukura Amerika mu masezerano y’I Paris, ajanye n’ihindagurika ry’ikirere. Ni mu gihe Trump yari yashikirije ko ubushinwa bufise uruhara rukomeye mur’iryo hindagurika ry’ikirere, yamara ko akiriko aravyihweza.

Ku bijanye n’ubutunzi bwiwe, ko atazohava abuvanga n’ivyo arangura mu mabanga y’Umukuru w’Igihugu, Donald Trump amenyesha ko ashobora kurangura ivyo bikorwa vyose ata ntambamyi, yamara noneho ko ariko arasabikanya ivyo afise n’abana biwe.

Mwomenya ko Donald Trump yatowe, azotangura amabanga yiwe bwite nk’Umukuru w’Igihugu itariki ya 20 z’ukwezi kwa mbere mu mwaka uza w’2017.

XS
SM
MD
LG