Uko wahagera

Trump Aremeza ko Amerika Izosinyura Amasezerano ya TPP


Inyubakwa Trump Tower i New York
Inyubakwa Trump Tower i New York

Donald Trump Aheruka gutorwa kuzorongora Amerika atangaza ko mu bintu azokora ku musi wa mbere wiwe w’ubutegetsi ar’ukurungika urwandiko rwo gukura Amerika mu masezerano y’ubudandaji yiswe TPP yasinywe hagati y’Amerika n’ibihugu biri kw’ibahari Pasifike.

Ni imwe mungingo azofata mu mugambi wiwe yagumye ashikiriza mubihe vyo kwiyamamaza, aho yavuga ko inyungu z’Amerika arizo zikwiye kuza imbere y’ibindi vyose.

Mu butumwa yatanze kuri videwo kur’uyu wa mbere, Trump yise ayo masezerano ko ar’ishano kuri Amerika kuko azotuma abanyamerika batazongera kubona ubuzi.

Trump yagize ati: “Tuzoganira n’igihugu kimwe kimwe dusinyiranire amasezerano azotuma ubuzi n’amahinguriro bigaruka muri Amerika”.

Igihe abashikiranganji bo mur’ivyo bihugu biri kw’ibahari pasifique basinya ayo masezerano mu kwezi kwa kabiri umwaka w’2016 bavuga ko ari mu ntumbero yo gutez’imbere ubutunzi, no kugwiza ubuzi mur’ivyo bihugu.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe yabwiye abanyamakuru kur’uyu wa kabiri ko mugihe Amerika yovavanura n’ayo masezerano, ataco azoba akibereyeho kandi azosa n’ayapfuye.

Perezida Barack Obama w’Amerika yarashigikiye ayo masezerano, ariko inama nshingamateka y’Amerika ntiyigeze iyashigikira canke ngo iyemeze.

XS
SM
MD
LG