Uko wahagera

USA: Trump Arabandanya Arondera Abazomufasha


Mu Buryo, Mary Fallin Buramatari wa Reta ya Oklahoma, i Buryo Rick Perry yahoze ari buramatari wa Texas.
Mu Buryo, Mary Fallin Buramatari wa Reta ya Oklahoma, i Buryo Rick Perry yahoze ari buramatari wa Texas.

Donald Trump aherutse gutahukana umwanya w’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, arabandanya kugirana imibonano n’abo yipfuza gushira mu mabanga yo kurongora igihugu.

Kur’uyu wa mbere yabonanye n’abandi babiri bashobora kuja muri reta yiwe. Abo n’uwahoze ari buramatari wa reta ya Texas Rick Perry, hamwe na buramatari wa reta ya Oklahoma Mary Fallin.

Perry ashobora guhabwa umwanya wo kurongora igisata c’amasokontanganguvu canke ashinwe amabanga yo kubungabunga umutekano, Fallin nawe ashobora kugenwa sekreteri w’intwaro yo hagati mugihugu ajejwe ivy’amashamba.

Kuri imwe mumahoteri yiwe akoma komeye iri mu gisagara ca Bedminster muri reta ya New Jersey, ejo kuwa mungu Trump yabonanye na babiri mu bantu bamushigikiye cane mu bihe vyo kwiyamamaza bitari vyoroshe. Abo nabo, n’uwahoze ari umukuru w'igisagara ca New York Rudy Giuliani hamwe na Buramatari wa reta ya New Jersey Chris Christie.

Giuliani n’umwe mu bantu bagwanije vy’ukuru ibikorwa vy’iterabwoba inyuma yaho habereye igitero c’iterabwoba ku gisagara ca New York na Washington DC mu mwaka w’i 2001.

Nta burambe mukazi kerekeye imigenderanire n’ibindi bihugu afise ariko yarigeze kwipfuza kuyobora ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’amahanga.

Christie nawe, n’umwe mubakandida cumi na batanu batsinzwe na Trump mu kibanza co guserukira umugambwe wabo w’abarepublikani mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Ariko inyuma yaho Trump ashizwe imbere n’umugambwe, uwo buramatari wa reta ya New Jersey, yaciye amushigikira mubikorwa vyiwe vyo kwiyamamariza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Ku rubuga rwa twitter yiwe, Trump yanditse ko ariko yiyumvira gushira mu burungozi bw’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi Jeneral James Mattis w’imyaka 66 ari mu karuhuko ko muzabukuru, akaba ya “Mad Dog” (bisigura imbwa ikaze), yongerako ati “n’umujenerali, nyawe!”

XS
SM
MD
LG