Uko wahagera

France: Fillon Ashobora Gutahukana Amatora y'Ibanze


Francois Fillon, yahoze ar'Umushikiranganji wa mbere mu Bufaransa.
Francois Fillon, yahoze ar'Umushikiranganji wa mbere mu Bufaransa.

Francois Fillon, yahoze ar’Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa, asa n’uwuriko afata ikibanza ca mbere mu matora y’ibanze, mu mugambwe w’aba conservateur, amatora ategura ay’Umukuru w’Igihugu aho mu Bufaransa.

Mw’ihiganwa rya mbere, Francois Fillon yatahukanye ibice mirongo ine na bine kw’ijana vy’amajwi, Alain Juppe nawe nyene yahoze ar’Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa afise ibice mirongo ibiri n'umunani kw’ijana, Nicolas Sarkozy yahoze atwara Ubufaransa akagira ibice mirongo ibiri na kimwe kw’ijana.

Mu gihe atagihindutse mur’ivyo biharuro, Francois Fillon na Alain Juppe bazoca bahurira mw’ihiganwa rya nyuma rizoba ku w’Imana uza, rikazovamwo uwiyamamariza ikibanza c’Umukuru w’Igihugu mu matora azoba mu mwaka uza.

Mur’ayo matora y’ibanze, Nicolas Sarkozy aza yatangaje ko yemeye ko yatsinzwe, akaba kandi yashikirije ko ashigikiye Francois Fillon. Iyo myiyamamazo yaranzwe n’ibibazo vy’abimukira biteye amakanga abatari bake mu bihugu vya Buraya, hamwe n’ibitero vy’aba Dhihadiste bimaze iminsi vyiha inkumbi mu Bufaransa.

Inyuma y’Isohoka ry’Ubwongereza mw’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya, n’intsinzi ya Donald Trump mu matora y’Umukuru w’Igihugu hano muri Amerika, imyiyamamazo y’Umukuru w’Igihugu mu Bufaransa nayo isa n’iyiriko irashira ahabona ivyiyumviro vya bamwe n’abandi.

XS
SM
MD
LG