Uko wahagera

Francine Niyonsaba Yaratunganije Ihiganwa ryo Gusiganwa mu Ruyigi


Bamwe mubanonotsi bari bitavye ihiganwa ryatunganijwe na Francine Niyonsaba mu Riyigi
Bamwe mubanonotsi bari bitavye ihiganwa ryatunganijwe na Francine Niyonsaba mu Riyigi

Umunonotsi w’umurundikazi Francine NIYONSABA yaratunganije ihiganwa ryo gusiganwa kur’uyu w’Imana mu ntara ya Ruyigi avukamwo.

Intumbero y’iryo higanwa nk’uko we nyene avyivugira kwari ugutera intege abanonotsi bo mu Burundi no kubahimiriza gukora cane kugira nabo nyene bazoshobore gushika ku ntambwe nk’iyo yashitseko.

Iryo higanwa ryo gusiganwa ku bigeme n’abahungu ryabereye ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi rikaba ryitabwe n’abanonotsi batowe mu ntara zose z’igihugu.

Iryo higanwa ryatewe iteka n’umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi Reverien ndikuriyo, umupfasoni Anne S Casper aserukira Leta zunze ubumwe z’Amerika mu Burundi, umushikiranganji w’inkino urwaruka n’imico kama w’Uburundi, hamwe n’uwurongoye Ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burundi Amabassaderi Dieudonné KWIZERA.

Iyi nkuru tuyishikirizwa n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika mu Burundi Evariste nzikobanyanka yari yahishikiye.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:12 0:00

XS
SM
MD
LG