Uko wahagera

Abarenga 90 Bapfuye mw'Isanganya rya Gariyamoshi mu Buhindi


Abatabara bariko bagerageza kurokora abantu mw'isanganya rya gariyamoshi i Pukhrayan, mu bumanuko bw'intara ya Kanpur mu Buhindi.
Abatabara bariko bagerageza kurokora abantu mw'isanganya rya gariyamoshi i Pukhrayan, mu bumanuko bw'intara ya Kanpur mu Buhindi.

Abantu 96 nibo bapfuye abandi barenga ijana barakomereka bitewe na gariyamoshi yagize isanganya mu buraruko bw’Ubuhindi hafi y’igisagara ca Kanpur mu ntara ya Uttar Pradesh kur’uyu wa mungu mu gitondo.

Abajejwe gutabara hamwe n’abandi bafasha kubushake bwabo bariko baragerageza kuraba ko har’abandi bantu borokora.

Gushik’ubu ntibiramanyekana icatumye ibiduga 14 vy’iyo gariyamoshi vyitandukanya n’ibindi.

Ubuhindi buri mubihugu vyo kw’isi bifise amabarabara y’indarayi menshi. Ariko ntiyigera asanurwa bigatuma amasanganya nk’ayo akunda kuba.

XS
SM
MD
LG