Uko wahagera

Amatora muri Somaliya


Prezida Hassan Sheikh Mahamud mu matora, imbere y'uko atorwa
Prezida Hassan Sheikh Mahamud mu matora, imbere y'uko atorwa

Amatora yimirije kuba mu gihugu ca Somaliya, mu nama nshingamateka na nkenguzamateka, bivugwa ko ata muco uyarangwamwo bivuye k’ubunyonyezi burangwa aho muri Somaliya, iterabwoba n’ubugizi bwa nabi. Ivyo vyatangajwe n’uwujejwe gucungera ivy’ubutunzi ku gwego gw’Igihugu, mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika.

Nur Jimal Farah, amenyesha ko abajejwe gutora, batora uwubahaye amafaranga menshi. Farah avuga kandi ko amafaranga atangwa atar’amwe, bivanye n’ikibanza uwitoza aba arondera.

Abarekuriwe gutora bashika ku bihumbi cumi na bine, bakaba bazotora abashingamateka bashika ku majana abiri na mirongo indwi na batanu. Gushik’uyu munsi nta cakabiri c’abo baratorwa. Abo bashingamateka nibo bazoheza bagatora inama nkenguzamateka, igizwe n’abantu mirongo itanu na bane.

Nur imal Farah, amenyesha ko ayo mafaranga atangwa ar’ayava mu banyagihugu, agasaba ko haba amatohoza mu kigega ca Reta. Michael Keating, intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga Mukuru wa ONU muri Somaliya, amenyesha ko ivy’ayo mafaranga atangwa arivyo, yamara ko icangombwa aruko amatora aba mu mpisho, ata wumenya uwo uwundi yatoye.

Tubibutse ko amatora y’Umukuru w’Igihugu ategekanya kuba itariki mirongo itatu z’uku kwezi kwa cumi na kumwe, inyuma yay’Abashingamateka.

XS
SM
MD
LG