Uko wahagera

Simone Gbagbo Ashobora Kuzofungwa Uwo Guherayo


Simone Gbagbo umutambukanyi wa Laurent Gbagbo yahoze arongoye Kote d'Ivuware
Simone Gbagbo umutambukanyi wa Laurent Gbagbo yahoze arongoye Kote d'Ivuware

Sentare yo muri Kote Divuware yafashe ingingo yo kuzocira urubanza Simone Gbagbo ko yakoze ivyaha bihohotera agateka kazina muntu, inyuma y’aho we n’abamuburanira bankiye kwitaba sentare mu rubanza kur’uyu wa gatatu.

Simone Gbagbo n’umutambukanyi wa Laurent Gbagbo yahoze atwara ico gihugu, asanzwe ariko aburanishirizwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I LaHaye mu Buholande.

Laurent Gbagbo yahoze arongoye Kote Divuware yaranse kwemera ivyavuye mu matora mu 2010 aca yanka no kuva ku butegetsi, ica iba intandaro y’ugusubiranamwo kw’abanyagihugu kwahitanye abasivile bashika 3000.

Simone Gbagbo umutambukanyi wiwe yagirizwa kumushigikira mu kugumura abashigikiye umugabo wiwe kwica abatavugarumwe nawe.

Urubanza rwiwe rwasubiye gutumwako kandi kw’italiki 28 z’uku kwezi kwa cumi na kumwe. Vyitezwe ko acirirwa gufungwa ubuzima bwiwe bwose.

XS
SM
MD
LG