Uko wahagera

Obama: Amerika Izobandanya Gukorana n'Amakungu


Perezida Barack Obama w'Amerika na Chanseliye w'Ubudagi Angela Merkel, i Berlin, mukiganiro n'abamenyeshamakuru.
Perezida Barack Obama w'Amerika na Chanseliye w'Ubudagi Angela Merkel, i Berlin, mukiganiro n'abamenyeshamakuru.

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yashikiriye ku musi ku wa kane ubutumwa bwa Amerika bw’ugusenyera ku mugozi umwe, n’ugukorana n’akarere n’Ubulayi.

Yabwiye Abadagi n’Abanyabulaya bose ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizobandanya gukorana n’amakungu.

Prezida Obama, yahisemwo Ubudagi mu rugendo rwiwe rwa nyuma agize mu mahanga ari mu mabanga yiwe.

Ubudagi nico gihugu gikomeye cane kurusha ibindi, mu vyerekeye ubutunzi, mu karere k’Ubulayi. N’igihugu gifitaniye imigenderanire ikomeye mu vy’ubudandaji na Amerika.

N’igihugu gikomeye mu mw’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, kandi ico gihugu cakiye inteko za Amerika ibihumbi n’ibihumbi.

Uru rugendo rwa nyuma rwa prezida Obama, rugira urwa gatandatu azoba agize mu gihugu c’Ubudagi.

Ubutumwa bwa Obama, bugenewe guhumuriza abategetsi b’ ibihugu vy’Ubulayi bafise impungenge kuvyo babona ko Amerika igiye kwikumira ku makungu, bifatiye kuvyo Donald Trump aheruka gutorwa ngo arongore Amerika, yatangaje igihe yariko ariyamamaza.

XS
SM
MD
LG