Uko wahagera

Abanyafuganistani Barenga Umuriyoni Baramaze Guhunguka


Umukenyezi w'umunyafuganistani arindiriye gutahukanwa mugihugu, ari kumwe n'abana biwe mu kigo ca ONU i Peshawar muri Pakistani
Umukenyezi w'umunyafuganistani arindiriye gutahukanwa mugihugu, ari kumwe n'abana biwe mu kigo ca ONU i Peshawar muri Pakistani

Ishirahamwe mpuzamkungu IOM ryitaho impunzi n’abimukira, kuri uno musi wa gatatu ryitangaje ko Impunzi z’abanyAfganistani zirenga umuriyoni zimaze gusubizwa mu gihugu cabo izindi zigenda kubushake bwabo bava mu bihugu bibanyi vya Pakistani na Irani mur’uyu mwaka w’2016.

Ico gitigiri kibaye ica mbere kinini c’impunzi z’abanyAfganistani batahutse mugihugu iwabo kuva Abatalibani bakuwe k’ubutegetsi.

Mu mwaka w’I 2002 abanyAfganistani bashika kumiliyoni zibiri bahora baba muri Pakistani na Irani barasubiye mu gihugu cabo. Aho n’inyuma y’aho haviriyeho intwaro y’abaTalibani.

Ivyo biha abanyagihugu icizere c’uko intambara yari imaze imyaka myinshi cane isinzikaza igihugu, igatuma abantu amamiriyoni n’amamiriyoni y’abantu bahungira mubihugu bitandukanye vy’isi.

Abamaze gutahuka bose hamwe hagati y’umwaka w’I 2002 gushika mu 2014, bangana n’imiriyoni zitanu n’ibice umunani.

XS
SM
MD
LG