Perezida Vladimir Poutin w’Uburusiya yafashe ingingo yo gukura igihugu ciwe ku rutonde rw’ibihugu bigize sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI.
Putin yashize igikumu kw’itegeko rikura Uburusiya muri iyo sentare ifise ububasha mpuzamakungu bwo guca imanza ku vyaha vy’ihonyabwoko, ivyaha vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu, n’ivyaha vyo mu ntambara.
Iryo tegeko ryatangarijwe kuri site y’ikinyamakuru ca reta y’Uburusiya, ryongera ritangazwa n’ibiro vy’ushikiranganji bujejwe imigenderanire n’amahanga bw'ico gihugu. Bubisigura: “iyo sentare ntiyashikanye ivyo yari yizewe kurangura, kandi ku vy’ukuri ntiyigenga.”
Ivyegeranyo bimwe bimwe vyerekana ko ubutegetsi bw’Uburusiya budashimishwa n’uburyo CPI yitwaye mu rubanza hagati y’Uburusiya na Georgia mu mwaka w’I 2008. Uburusiya bukavuga kandi ko ataco iyo sentare yakoze ku vyaha reta ya Tbilisi yakoreye abanyagihugu mukarere ka Ossetie yo mu bumanuko – akarere gashigikira ubutegetsi bw’i Moscou.