Uko wahagera

Amerika Iragabisha Abanyagihugu Bayo Kutaja Mu Burundi


Ikimenyetso c'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Ikimenyetso c'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Reta zunze ubumwe z’Amerika zongeye kugabisha abanyagihugu bazo kwirinda kuja mu Burundi, kubera uruhagarara rwa politike n’ubwicanyi bidabandanya mu gihugu, ubugizi bwa nabi hamwe n’ugusubiranamwo hagati y’Abarundi gushobora kwaduka.

Ni mw’itangazo ryashikirijwe n'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kur’uyu wa kabiri. Iri gabisha rije risubiririra irindi nk’iryo ryasohowe kw’igenekerezo rya 11 z’ukwezi kwa gatatu uyu mwaka w’i 2016.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta vZunze Ubumwe za Amerika butangaza kw'imvururu zifatiye kuri politike zibandanya mu Burundi kuva habaye amatora yabayemwo impari, igeragezwa rya coup d’etat, n’impari ku vyuko nimba prezida yari arekuriwe kwitoza mu kiringo kigira gatatu.

Ibitero vy’inkoho n’amagrenade vyarabaye kenshsi, bikozwe n’imirwi yitwaje ibirwanisho.

Amabariyere y’igipolisi n’igisirikare mu gihugu cose bishobora kugeramira ubwigenge bw’abanyagihugu bw’ukugira uruja n’uruza ata ntambamyi.

Igipolisi carasatse amazu y’abanyagihugu mu mugambi w’ukurondera inkoho.

Ubushikiranganji bujejwew imigenderanire bwa Amerika buvuga kw'ibitero vyagizwe n’inteko zirwanya ubutegetsi, abahoze ari abarwanyi n’imikangara y’inkozi z’ikibi zivuye mu buseruko bwa Republika iharanira demokrasi ya Congo, vyatumye haba ugutana mu mitwe gukomeye kwihaye inkumbi, ibitero ku basivile n’ukunyuruza abantu.

Inkozi z’ikibi zitwaje ibirwanisho ziratega imodoka, cane cane ku mabarabara asohoka avuye mu gisagara ca Bujumbura.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bumenyesha kw'abakozi ba Ambasade ya Amerika batarekurirwa kuja aho bashaka hose mu gihe bagiye mu bice bimwe bimwe vyo mu Burundi. Abakozi ba Ambasade ya Amerika baraziririzwa kuja hanze y’umurwa mukuru, Bujumbura mw’ijoro. Kuja mu bice vy’igisagara ca Bujumbura vya Cibitoke, Gasenyi, Kamenge, Kinama, Musaga, Mutakura na Nganara, bisaba kubanza kubisabira uruhusha.

XS
SM
MD
LG