Uko wahagera

Perezida Barack Obama mu Rugendo mu Bugiriki


Perezida Obama Ariko aragendura Inteko z'Ubugiriki
Perezida Obama Ariko aragendura Inteko z'Ubugiriki

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama atangaza kw’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, rifise akamaro gakomeye cane mu gihe ariko arondera guhumuriza akarere k’i Bulaya ku kwiyemeza kwa Amerika ku vyerekeye iryo shirahamwe ku ntwaro ya prezida Donald Trump.

I Athenes, mu Bugiriki, uno musi ku wa kabiri, mu rugendo rwiwe rwa nyuma mu mahanga mu mabanga yiwe ya prezida, Obama yavuzeko ishirahamwe O-T-A-N, rizobandanya kurangura amabanga yaryo nkuko bisanzwe naho himirije kuba Reta nshasha muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu gufatira ku bibazo vyashikirijwe na prezida aherutse kuva mu matora, Donald Trump, n’ayandi ma Reta y’imbere yaho harimwo na Reta yiwe, Obama yasavye ibihugu bigize ishirahamwe O-T-A-N, kwongereza kurushiriza amafranga agenewe kwivuna abansi.

Prezida Obama yarahayagije igihugu c’Ubugiriki. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru I Athene ku murwa mukuru w’Ubugiriki, ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere w’Uburigiki, Alexis Tsipras, prezida Obama yarashimiye Ubugiriki kuba bwakoresheje amafranga arengeye ayasabwa ku bijanye n’ukwivuna abansi, no mu gihe ico gihugu cari mu bihe bigoye. Yatangaje kw’ibindi bihugu vyotegerezwa kubigenza nkuko.

Athene nico gisagara ca mbere agendeye nk’umukuru w’igihugu, mu ngendo ziwe za nyuma imbere yuko atanga ubutegetsi.

Inyuma y’aho ashikiye mu gisagara ca Athene, Obama yabwiye Perezida Prokopis Pavlopoulos w’Ubugiriki ko yipfuza ko Uburayi bugumana ubwiyunge kandi ko bizogirira akamaro Amerika n’amakungu.

Imbere yuko ahaguruka muri Amerika, Obama yatangaje ko Trump yamwijeje ko yipfuza ko Amerika ibandanya gutsimbataza imigenderanire n’amakungu.

Mur’urwo rugendo rwiwe, bamwe mu bategetsi ba Bulayi bizigiye ko Obama agiye kubaremesha ko imigenderanire hagati yabo igiye kubandanya.
Perezida Obama ategekanya kuja mu Budagi kur’uyu wa gatatu mu nyuma aje muri Peru mu mpera z’iyi ndwi.

XS
SM
MD
LG