Uko wahagera

USA: Abagize Reta Nshasha Bariko Baramenyekana


Reince Priebus, yagenywe kuba Umuyobozi Mukuru mu biro vy'Umukuru w'Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Reince Priebus, yagenywe kuba Umuyobozi Mukuru mu biro vy'Umukuru w'Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Bamwe mu bagize Reta ya Donald Trump, aheruka gutorwa mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, batanguye kumenyekana.

Reince Priebus, yahoze arongoye komite y’Igihugu mu mugambwe w’aba Republikani, yatanganjwe ko ariwe agiye kuba umuyobozi mukuru mu biro vy’Umukuru w’Igihugu. Uwundi yatangajwe n’uwitwa Stave Bannon, agiye kuba umuhanuzi mukuru mu biro vy’Umukuru w’Igihugu.

Donald Trump, aheruka gutorwa, yatangarije kandi mu kinyamakuru CBS, ko umugambi azoherako ar’uwo gukingira imbibe, mu kwubaka uruhome k’urubibe rwa Amerika na Mexique, no mu kwirukana abimukira bashika ku miliyoni zitatu batemewe n’amategeko, bakaba bagigwa n’ivyaha nk’urudadanza rw’ibiyayuramutwe n’ibindi.

Mwomenya kandi ko kur’uyu w’Imana, abashikiranganji b’Ibihugu vya Buraya, bajejwe imigenderanire n’ayandi makungu bakoranye kugira baganire ku ngaruka z’itorwa rya Donald Trump ku bijanye n’imigenderanire ya Amerika n’ibihugu vya Buraya. Ibihugu vya Buraya bikaba bitewe amakenga cane n’uburyo iyo migendenire ishobora guhinduka.

XS
SM
MD
LG