Uko wahagera

Trump Atanguye Kwiyumvira Abazoba Muri Reta Yiwe


 Icegera ca Donald Trump Mike Pence niwe agiye kurongora umurwi utegura ibisikanya.
Icegera ca Donald Trump Mike Pence niwe agiye kurongora umurwi utegura ibisikanya.

Donald Trump aheruka gutorwa ngo arongore Reta zunze ubumwe z’Amerika yagenye icegera ciwe, Mike Pence, kugira arongore umurwi ugiye gutegura ibisikanya ku butegetsi.

Ayo mabanga yari yashinzwe guverineri wa reta ya New Jersey, Chris Christie.
Iryo genwa ryakozwe kur’uyu wa gatanu inyuma y’aho Donald Trump ahereje kubonana n’abahanuzi biwe I Manhattan mu gisagara ca New York.
Yatangaje ku rubuga rwiwe rwa Twitter kur’uyu wa gatanu ko agiye gushinga vuba abazoba bari muri reta.

Trump asigaranye imisi ishika 70 kugira ahitemwo abategetsi 15 bazoba bagize reta yiwe. Benshi mu bahanuzi biwe bahafi baramaze kunuganurwa ko bazoba mur’iyo reta.

Muri bo harimwo Rudy Giuliani yahoze arongoye igisagara ca New York, Chris Christie, guverineri wa reta ya New Jersey, Reince Priebus arongoye komite y’abarepublikani mu nama nshingamateka, Steve Bannon na Kellyanne Conway bari barongoye ibikorwa vyo kwiyamamaza.

Abandi ni Jeff Sessions, Senateri wa reta ya Alabama, yabaye umunyepolitike wa mbere yashigikiye Donald Trump amaze gutangaza ko agiye kwitoza kurongora Amerika na Steven Mnuchin yar’ajejwe gutunganya ivy’amafaranga mu bikorwa vyo kwiyamamaza.

XS
SM
MD
LG