Uko wahagera

USA: McFaul Yahoze Ari Ambasaderi Yankiwe Kuja mu Burusiya


Michael McFaul yahoze aserukira Amerika mu Burusiya
Michael McFaul yahoze aserukira Amerika mu Burusiya

Uwahoze aserukira Reta zunze ubumwe z’Amerika mu Burusiya, Michael McFaul yatangaje ko Uburusiya bwamwimye uruhusha rwo kwinjira mu gihugu.

Yatangaje ko iyo ngingo Uburusiya bwayifashe bwihora ingingo nk’iyo yafashwe n’Amerika yo kwima impusha nk’izo abategetsi b’Uburusiya zo kwinjira muri Amerika inyuma y’aho Uburusiya bwigarurira intara ya Crimea buyatse Ukraine mu mwaka w’2014.

McFaul, yaserukiye Amerika mu Burusiya kuva mu mwaka w’2012 gushika muri 2014 yatangaje kur’uyu wa gatanu ko Uburusiya bwamwimye viza kuko afitaniye ubucuti bwa hafi na Perezida Barack Obama.

McFaul, avuga ko yibaza ko yashizwe k’urutonde rw’abatazongera guhonyoza ikirenge mu Burusiya kuva mu mwaka wa 2014 ariko ko Atari bwabimenye.

Yamenye iyo nkuru ar’uko yar’asavye viza kugira azojeyo mukwezi kwa 12 gutegura ibikorwa vya Hillary Clinton mugihe yari gutsinda amatora.

XS
SM
MD
LG