Uko wahagera

Jacob Zuma Yongeye Gukingirwa n'Abashingamateka ba ANC


Abashingamateka ba Afrika y'Epfo
Abashingamateka ba Afrika y'Epfo

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, Jacob Zuma, yongeye gukingirwa n’inama nshingamateka aho yanse kwemeza integuro y’itegeko yatanzwe n’abatavugarumwe na reta yar’igamije kumukurako ubwizigirwa.

Umugambwe ukomeye cane muyitavugarumwe na Reta, the Democratic Alliance, niwo wari wasiguye iyo nteguro y’itegeko kur’uyu wa gatanu mu nama nshingamateka, mu kuvuga ko Perezida Zuma ar’ikibazo ku mutekano w’igihugu akwiye gutanga imihoho.

Abashingamateka bo mu mugambwe ANC uri k’ubutegetsi ntibashigikiye iyo nteguro, bituma itabasha kuronka amajwi akwiye kugira yemezwe.

Ibaye incuro y’umunani Perezida Zuma asimba ibirego nk’ivyo bimusaba kuva k’ubutegetsi, aho abavugarumwe nawe bamwagiriza ivyaha bitari bike harimwo no kurya ibiturire no gukoresha uburyo bwa reta muvyiwe.

Imigambwe itavugarumwe na reta yaciye itangaza ko urwo rubanza barurekeye abanyagihugu mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2019.

XS
SM
MD
LG