Uko wahagera

Abatalibani Barateye Ambasade y’Ubudagi muri Afuganistani


Abategetsi ba Afganistani batangaje ko abarwanyi b’Abatalibani baturikije ibombe yatezwe mu modoka ku buserukizi bw’Ubudagi buri mu buraruko bw’igisagara ca Mazar-i-Sharif mu gatondo ko kur’uyu wa gatanu.

Abategetsi ba reta za Afganistani n’Ubudagi bemeje ico gitero, ariko nta bitigiri vy’aboba bahasize ubuzima batangaje.

Umuganga arongoye ibitaro vyo mu gisagara ca Mazar-e-Sharif yatangaje ko abantu barenga cumi batwawe mu bitaro arongoye, kandi ko babiri muri bo bapfuye.

Abatalibani batangaje ko bagavye ico gitero kugira bihore abasivile b’abanyefuganistani 32 basize ubuzima mu ntango z’uku kwezi mu ntara ya Kunduz, ibitero vyagabwe n’inteko mvamakungu za OTANI ziriko zifasha reta ya Afghanistani.

Abategetsi b’Amerika batangaje mu ndwi irangiye ko ico gitero cagabwe n’indege zabo. Bemeye ko bazogira amatohozwa ariko mu nyuma y’aho Abatalibani baciye bagaba igitero hafi y’igisagara ca Kunduz, cahitanye abasirikare babiri b’Amerika hamwe na batatu ba Afganistani.

XS
SM
MD
LG