Uko wahagera

ONU Itewe Amakenga n’Itorwa rya Donald Trump


Umuvugizi w'Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Stephane Dujarric
Umuvugizi w'Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Stephane Dujarric

Itorwa rya Donald Trump kuzorongora Reta zunze ubumwe z’Amerika ryatumye aba dipolomate batari bake b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU baterwa n’agashavu bivanye n’imvugo zo gukumira n’ugukengera ONU yagiye arakoresha mubihe vy’imyiyamamazo.

Inyuma y’imyaka umunani iheze ONU ikorana neza na Reta ya Perezida Barack Obama, abategetsi benshi ba ONU bafise ubwoba ko Amerika igiye gusubira mubihe vy’umwijima nk’ivyo yigezemwo ku ntwaro ya George W. Bush, Yakumira ONU mu ngingo yafata zijanye na politike y’amahanga.

Umuvugizi wa ONU Stephane Dujarric yatangaje kur’uyu wa kane ko ariko afise ivyizigiro ko ONU yiteze imigenderanire myiza n’Amerika.

Amerika nico gihugu gitanga intererano nyinshi muri ONU aho gitanga imiriyaridi umunani z’amadorari y’abanyamerika k’umwaka. Bamwe mu bategetsi ba ONU bafise ubwoba ko Amerika igiye kuzogabanya cane ayo mafaranga kandi iryo shirahamwe rihanzwe n’ibibazo vyinshi bisaba gufasha abanyagihugu.

Mu kwezi kwa gatatu, umwaka w’2016, Trump yashikirije ko ONU yacitse intenge kandi ko ataco igishoboye gukora, avuga ko ata rukundo akiyifitiye.

Yashikirije kandi ko ONU idashigikiye demokarasi n’ukwidegemvya, kandi ko itakiri umugenzi w’Amerika naho iri ku butaka bw’Amerika.

XS
SM
MD
LG