Uko wahagera

Imigwano Yasubiye muri Sudani y'Ubumanuko


Abasirikare ba Reta ya Sudani y'Ubumanuko
Abasirikare ba Reta ya Sudani y'Ubumanuko

Abanyesudani y’Ubumanuko bashika 20 barapfuye abandi bashika 10 barakomereka mu migwano yongeye kwaduka ku misi ya gatatu n’uwa kane mu ntara ya Yambio hamwe n’iyahoze ari Reta ya Upper Nile.

Abasirikare ba reta ya Sudani y’Ubumanuko hamwe n’abayigwanya bagirizanya kuwatanguye gusotora uwundi.

Abanyagihugu bo mu ntara ya Yambio batangaje ko bakanguwe n’urwamo rw’amasasu kur’uyu wa kane, bituma haba uruhagarara mur’ako karere.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri reta ya Gbudue, Joseph Natale Sabun, yashikirije ko abarwanya reta bateye abanyagihugu bica bisaba ko abasirikare ba reta baza gutabara.

Nawe Dickson Gatluak, avugira abarwanya reta bahurikiye mu muhari SPLAIO avuga ko abasirikare ba reta aribo bateye ibirindiro vyabo kandi ko bo baciye bivuna.

Gatluak yatangaje ko amasezerano y’amahoro yateweko umukono mu mwaka w’2015 na Perezida Salva Kiir na Riek Machar yahoze ar’icegera ciwe yasambutse.

XS
SM
MD
LG