Uko wahagera

Intsinzi ya Donald Trump


Donald Trump
Donald Trump

Umukandida Donald Trump w’aba Republikani ahejeje gutangazwa ko ari we yatahukanye intsinzi mu matora y’Umukuru w’Igihugu ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Donald Trump, yaciye afata ijambo adatevye, amenyesha ko Umukandida Hillary Clinton yamuhamagaye kw’iterefone akamukeza, we n’abanywanyi biwe bose.

Mw’ijambo yashikirije, Trump yatangaje ko gukorera hamwe bizotuma bagarukana indoto zikomeye za Amerika. Avuga ko bagiye gusubira kwubaka mu buryo bukomeye amashure, ibitaro, n’izindi nyubako zitandukanye.

Donald Trump yasezeranye kuzoshitsa ivyo yemereye abanywanyi biwe, na cane cane ku bijanye n’Ubutunzi. Mu kurangiza ijambo ryiwe yashimiye abamufashije gushika kur’iyo ntambwe, ahereye k’umuryango wiwe, na bamwe mu bamufashije gutunganya imyiyamamazo.

XS
SM
MD
LG