Uko wahagera

Urugamba rw’Amajwi y’Amatora mu ma Reta.


Amatora y’Umukuru w’Igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika arabandanya. Ababikurikirana bahanze amaso ibiharuro biva mu ma Reta akomakomeye, asanzwe azwi kw’ari yo ashikana abakandida ku ntsinzi.

Ni mu gihe Umukuru w’Igihugu muri Amerika adatogwa n’abanyagihugu mu kivunga, ariko ahabwa amajwi n’ama Reta amwe amwe nka Floride, Caroline y’Uburaruko, Pennsylvanie na Ohio asanzwe abamwo abantu benshi cane.

Mur’ayo ma Reta akaba ariho abakandida Donald Trump na Hillary Clinton bashize inguvu zabo mu bijanye n’umwanya, ariko kandi n’amafaranga menshi, kugira bashobore kuronka intsinzi muri zo.

Mwomenya ko abakandida Trump na Clinton bagendeye Reta ya Caroline y’Uburaruko, mu gihe c’imyiyamamazo, incuro mirongo ibiri n’imwe, kugira bashobore kuronka intsinzi mur’iyo Reta.

XS
SM
MD
LG