Uko wahagera

Abasirikare ba Iraki Baregereza Mosul Buhoro Buhoro


Abagabo bafashwe n'abasirikare ba reta ya Iraki bariko bagirwako amatohozwa ahitwa Qayara, mu Bumanuko bwa Mosul.
Abagabo bafashwe n'abasirikare ba reta ya Iraki bariko bagirwako amatohozwa ahitwa Qayara, mu Bumanuko bwa Mosul.

Abasirikare ba reta ya Iraki baratanye mu mitwe n’abarwanyi b’umuhari wa reta ya Kiyisilamu kur’uyu wa gatandatu mugihe bariko bagerageza kwinjira mu duce two mu buseruko bw’igisagara ca Mosul.

Ikinyamakuru ca reta ya Iraki catangaje ko inteko za reta zimaze gufata uturere dutanu two muri Mosul mu masaha 48 aheze kandi ko imirwano ikomeye ikibandanya.

Umukuru w’ingabo za Iraki, Jenerali Sami Aridi yatangaje ko abasirikare biwe babandanya begeereza Mosul. Yatangaje ko bamaze gufata amadistirikte ya Zahra, Karama na Tahrir.

Uwundi mutegetsi w’igisirikare ca Iraki, Qassim Jassam atwara Diviziyo y’icenda yatangaje ko abarwanyi b’umuhari wa reta ya Kiyisilamu bariko barwana n’inguvu zabo zose. Yatangaje ko abasirikare biwe bafashe agace ka Intisar ariko ko abasirikare ba reta bahagaritswe n’ibisasu vy’abihevyi vyaturikijwe mu biduga itandatu.

XS
SM
MD
LG