Uko wahagera

Hillary na Trump Mu misi Yanyuma yo Kwiyamamaza


Abakandida Hillary Clinton na Donald Trump bariko bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bongereje ibikorwa vyo kwiyamamaza mu gihugu kur’uyu wa gatandatu.

Umurepublikani, Trump kur’uyu wa gatandatu yiyamamarije mu ma reta ya Karolina y’amaja ruguru, Florida, Colorado, na Nevada. Yarahagaze gato no muri reta ya Minnesota isanzwe izwi ko ikunda gutsindira aba demokrate.

Muri Karolina y’amaja ruguru, Trump yabwiye abanywanyi biwe ko umutima wo gukunda igihugu ariwo wamutumye afata ingingo yo guhiganwa.

Nawe Hillary Clinton aho yari muri Reta ya Florida yashikirije isinzi ry’abamushigikiye ko agiye kuba umukuru w’igihugu igihugu gikeneye. Hillary Clinton kandi kur’uyu wa gatandatu yaragiye no mu ma reta ya Philadelphia na Pennsylvania.

Mugihe hasigaye imisi ibiri gusa yo kwiyamamaza imbere yuko abanyamerika batari bake batora, ibiharuro vy’abamaze gutora vyerekana ko amajwi y’abo bakandida yegeranye cane.

Ibiharuro vyashikirijwe kur'uyu musi wa gatandatu n’ikinyamakuru “The RealClear Politics” co muri Amerika gikurikirana ibiharuro mu matora vyerekana ko Hillary yaza imbere ku majwi 46.6 kw’ijana mugihe Donald Trump yahabwa amajwi 44.8 kw’ijana.

XS
SM
MD
LG