Uko wahagera

Uwundi Mwigeme mu Banyurujwe Yaratowe Muri Nijeriya


Abategetsi mu gisirikare ca Nijeriya batangaje ko abasirikare ba reta batoye umwe mu bigeme bahora biga kw’ishure ryisumbuye ry’ahitwa Chibok banyurujwe n’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram haraheze imyaka ibiri.

Umuvigizi w’igisirikare ca Nijeriya yatangaje kuwa gatandatu ko uwo mwigeme yatowe k’umugoroba w’umusi wa gatanu muri reta ya Borno kandi ko yar’abumbatiye uruyoya rw’umwana w’umuhungu.

Abigeme 276 nibo banyurujwe na Boko Haram bakuwe kw’ishure riri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Chibok m’ukwezi kwa kane umwaka w’2014. Reta ya Nijeriya yiyemeje kuzobohoza abashika 200 bagisigaye mu minwe ya Boko Haram.

XS
SM
MD
LG