Uko wahagera

Igisasu c'umwihevyi Cahitanye Batatu i Mogadishu


Abasirikare ba Somaliya bahagaze hafi y'inyubakwa y'inama nshingamateka, hafi y'ibisigarira vy'imodoka yaturikijwe n'umwihevyi.
Abasirikare ba Somaliya bahagaze hafi y'inyubakwa y'inama nshingamateka, hafi y'ibisigarira vy'imodoka yaturikijwe n'umwihevyi.

Abategetsi bo mu rwego rwo gucungera umutekano muri Somaliya hamwe n’abavyiboneye batangaje ko abantu bashika batatu bapfuye bahitanwe n’igisasu catezwe n’umwihevyi mu modoka k’umurwa mukuru Mogadishu kur’uyu wa gatandatu.

Umuvugizi w’ubutegetsi bw’ako karere karimwo n’umurwa mukuru Mogadishu, Abdifitah Omar Halane, yabwiye ijwi ry’Amerika k’ico gisasu caturikiye hafi y’inyubakwa ikoreramwo inama nshingamateka kandi ko hari n’abakomeretse atashimye kuvuga.

Ariko Aden Mohamed Hassan, umuporisi yahashitse bikiba yatangaje ko yabonye ibiziga vy’abasirikare babiri ba reta hamwe n’ic’uwo mwiyahuzi hamwe n’abasirikare bashika batandatu bakomeretse.

Hasana yatangaje kandi ko uwo mwiyahuzi yari yateze imiduga y’abajejwe umutekano bari batashe bavuye mu bikorwa vyo gukizura akarere mw’ijoro.

Nta muhari n’umwe uriyitirira ico gitero gushik’ubu, ariko bakeka ko cagabwe n’umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab, ishami rya al-Qaida.

XS
SM
MD
LG