Uko wahagera

RDC: Imyiyerekano y'Abarwanya Ubutegetsi Yaburijwemwo


Abapolisi baraburijemwo imyiyerekano yari yateguwe n’abatavugarumwe na reta kur’uyu wa gatandatu k’umurwa mukuru Kinshasa wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Iyo myiyerekano yari yateguwe n’abanywani ba Etienne Tshisekedi, arongoye urunani “Rassemblement”, ruhurikiyemwo imigambwe itavugarumwe n’ubutegetsi.

Tshisekedi yari yateguye ikoraniro rikomeye cane, kandi yari yaciye kubiri n’itegeko ryasohowe n’ubutegetsi ribuza imyiyerekano iyariyo yose ya politike mu kiringo c’indwi zitandatu k’umurwa mukuru Kinshasa.

Iyo ngingo ishirahamamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’amashirahamwe ahurikiye muri sosiyete sivile abandanya asaba ko yofutwa.

Tshisekedi yari yitezwe ko ashikiriza ko adashigikiye umugambi wa Perezida Joseph Kabila wo kuguma ku butegetsi n’inyuma y’italiki 19 z’ukwezi kwa cumi na kabiri umwaka w’2016, aho ikiringo ciwe canyuma co gutwara kizoba kirangiye nk’uko biri mw’ibwirizwa nshingiro.

XS
SM
MD
LG