Uko wahagera

Abantu 8 Bishwe muri Turkiya


Imyiyerekano mu gisagara ca Diyarbakir
Imyiyerekano mu gisagara ca Diyarbakir

Ikinyamakuru ca reta ya Turkiya gitangaza ko abantu umunani bishwe abandi barenga ijana barakomereka mugitero ca bombe yaturikiye mu muduga i Diyarbakir, igisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu.

Abategetsi bico gihugu bavuga ko ico gitero cakozwe hafi y’ibiro vy’igipolici, inyuma yaho abategetsi bashigikiye umugambwe w’abademokrate b’abakurde, urunani rw’abatavuga rumwe na reta bashigikiwe n’abashingamateka, kumwe n’abashingamateka cumi n’umwe bava mu mugambwe ugizwe ahanini n’abakurde bo mu karere.

Iyindi migwi itandukanye y’abanyepolitike mu bice bitandukanye vyaTurkiya baraye bafashwe mu matohoza y’ico gitero c’iterabwoba.

Ibiro vya buramatari w’igisara ca Diyarbakir bitangaza ko abagwanyi bo mu mugambwe w’abaKurd wa Kurdistan Workers Party (PKK) biyitiriye ico gitero.

Aba PKK bamaze imyaka mirongo itatu bagira ibitero mu karere k’ubumanuko bushira ubuseruko bwa Turkiya.

XS
SM
MD
LG