Uko wahagera

Ubutaliyano Bwarafashe Impunzi Bunyamaswa


Ingabo z’igihugu c’Ubutaliyano ngo zarakoze amabi menshi, zikubagura kandi zikubita, zikongera zikirukana impunzi hamwe n’abimukira mu buryo buteye kubiri n’amategeko. Ivyo vyabaye inyuma y’aho izo mpunzi hamwe n’abo bimukira bashikiye ku butaka bw'Ubutaliayano, nk’uko raporo y’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International, ribitangaza.

Umushakashatsi mur’iryo shirahamwe akorera mu gihugu c’Ubutaliyano, Matteo de Bellis, avuga kw’abategetsi bo mu bihugu vy’ibulaya batafashije igihugu c’Ubutaliano, kuko batumye igihugu c’Ubutaliayano gifata ingingo ziteye kubiri n’amategeko.

Igihugu c’Ubutaliyanoi cama caremewe n’ibindi bihugu vyo mw’ishirahamwe rya Bulaya, bigisaba kwandika abimukira bunonyene hamwe no kurungika benshi muribo mu bihugu baje bavamwo.

XS
SM
MD
LG