Uko wahagera

Ibisigarira vya Mwambutsa Bangiricenge Ntibizotahukanwa mu Burundi


Umwami Mwambutsa Bangiricenge
Umwami Mwambutsa Bangiricenge

Ibisigarira vy’umwami Mwambutsa wa kane w’Uburundi ntibigitahukanywe mu Burundi nkuko vyari vyarasabwe na Leta y’uburundi na bamwe mu baryango b’umwami.

Mu ngigo yayo yo kur’uno wa kabiri, Sentare nkuru yo mu gihugu c’ubuswisse yategetse ko ibisigarira vya Mwambutsa wa kane vyogumizwa mu Buswisse nkuko yari yaravyisabiye imbere yo gupfa.

N’inyuma y’urubanza rwari rumaze imyake ine ruhuza Leta Y’uburundi n’abaryango b’umwami batari bashigikiye ko Mwambutsa wa kane atahukanwa.

Mu kiganiro na mugenzi wacu Diane NININAHAZWE, Umwishwa w’uwo mwami Esther KAMATARI ah’ari mubufaransa, yagize ico ashikiriza aho yumviye iyo ngingo yafashwe na sentare y'Ubuswise. Yatanguye avuga uko yakiriye ingingo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:17 0:00

XS
SM
MD
LG