Uko wahagera

Nijeriya: Ibiganiro vy'Amahoro Ku Ntara ya Delta ya Nijeri


Abarwanyi bariko bakizura akarere k'intara ya Delta ya Nijeri.
Abarwanyi bariko bakizura akarere k'intara ya Delta ya Nijeri.

Reta ya Nijeriya yatanguje ibiganiro bigamije kugarukana amahoro mu ntara ya delta yimburwamwo ibitoro.

Intumwa ziserukira abanyagihugu mur’iyo ntara zagiraniye umubonano mu mwiherero na Perezida Muhammadu Buhari wa Nijeriya ku kirimba ciwe k’umurwa mukuru Abuja kur’uyu wa kabiri.

Reta ya Nijeriya ifise icizere ko ivyo biganiro bizoshikana ku mahoro arama mu ntara ya Delta ya Nijeri kandi yizeye ko umwimbu w’ibitoro ugiye gusubira kwiyongera nka kera ndetse bitume n’ubutunzi bwisununura.

Ni mugihe haheze imyaka irenga kw’icumi imirwi y’urwaruka rwo mur’iyo ntara itunga urutoke reta ya Nijeriya ko ariyo ituma iyo ntara yabo yizizirwa n’ubukene rukagiriza n’amashirahamwe acukura ibitoro ko nayo ahungabanya ikirere cabo.

Mu ntango z’uyu mwaka, ibitero vyakozwe n’imihari y’abarwanyi mu ntara ya Delta ya Nijeri vyatumye umwimbu w’igitoro Nijeriya cahora cimbura ugabanuka gushika hafi ku ca kabiri.

Umuhari mushasha wiyise abahora intara ya Delta ya Nijeri niwo wama wigamba ko ugaba ibitero ku miringoti y’ibitoro no kuzindi nyubakwa mur’iyo ntara mu mwaka uheze, ariko uwo muhari nta ntumwa zawuserukiye mur’uyo mubonano.

XS
SM
MD
LG