Leta y' Uburundi ko igiye gushiraho akarere abanyamitahe mvamakungu bashobora kuranguriramwo imigambi. Ako karere kari mu gace ka Warubondo muzi zone Gatumba mu burengero bw'igihugu. Leta isigura ko ivyo biri mu ntumbero yo korohereza abanyamitahe bafasha kugwiza amafaranga y'agaciro.
Warubondo n’agace kari mu karere k’ikiyaya c’imbo. Kari muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura izwi kw’izina rya Bujumbura rural. Ni nko ku bilometero hafi 15 uvuye ku mugwa mukuru Bujumbura uja I Buvira muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Kongo. Inama nshikiranganji yo muri iyi ndwi irangiye yashinze ingingo ko ako karere kazohabwa abanyamitahe na cane cane mvamakungu kugira baharangurire imigambi.
Intumbero nyamukuru ni zitatu: Iya mbere ni ukorohereza abagwizatunga.Iya kabiri ni ukugwiza ivyo u Burundi bushora hanze. Iya gatatu ni ukugwiza amafaranga y’agaciro.
Akarere k’imbo karimwo agace ka Warubondo kegereye uruzi Rusizi rwisuka mu kiyaga Tanganyika. Urwo ruzi rurakunda kurenga inkombe rugatwara imirima n’amazu. Leta irahumuriza ko ivyigwa vyakozwe vyerekana ko ata cobuza ko abantu baharangurira imigambi.
Ako karere kadasanzwe k’ubudandaji ribaye irya mbere kiyumvirwa mu Burundi. Leta mbere yarashizeho urwego rujejwe gutunganya ako akarere.
Inkuru y’umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Eloge Will Kaneza ari i Bujumbura.